UBM News ads

Uburundi na Tanzaniya bateye umukono ku masezerano yo gutangura kwubaka ibarabara rya gariyamoshi Uvinza-Musongati-Gitega.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Leta y-uburundi n-iya Tanzaniya zateye umukono kuri uyu w-Imana i Kigoma  ku masezerano y-intangamarara  yo gutangura kwubaka  ibarabara ry-indarayi  Uvinza-Musongati rizoshika i Gitega.May be an image of 5 people, people sitting and people standing

Mw-ayo masezerano yateweko umukono, Leta y-uburundi  yari yaserukiwe n-intumwa zari zirongowe n-umushikiranganji  ajejwe inyubako  Deogratias Nsanganiyumwami  arikumwe n-uw-ikigega ca Leta Domitien Ndihokubwayo. Ku ruhande rwa Tanzaniya, habonetse  Makame  Mbarawa, umushikiranganji ajejwe ivy-inyubako hamwe no gutwara abantu n-ibintu .

Makame Mbarawa  yamenyesheje ko iryo barabara ry-indarayi rizoba rifise uburebure bw-ibirometero 282  kandi rizohabwa  vuba uwatsindiye isoko yo kuryubaka. Kubw-uwo mushikiranganji, iryo barabara rizokwubakwa mu bice bibiri: igice ca mbere  kizova Uvinza gushika Maragasi mu gihugu ca Tanzaniya azoba ari ku birometero 156 hamwe na Maragasi –Musongati-Gitega, aho azoba ari ku birometero 126.

Uwo mushikiranganji wa Tanzaniya ajejwe ivy-inyubako yongeye amenyesha ko iryo barabara rizogirira akamaro ibihugu  vyose mu gutanga akazi  hamwe no ku bijanye  n-urudandazwa , ibizotuma amikoro y-abanyagihugu  bo mw-ivyo bihugu bibiri yisununura.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments