Umukuru w-igihugu c-uburundi amenyesha ko atawuzosubira kuronswa amafaranga y-agahembo kubera yatanze amakuru yerekeye abanyuruza amatungo y-igihugu. Varisito Ndayishimiye yabishikirije mu kiganiro kidasanzwe yagiranye n-abamenyeshamakuru hamwe n-abanyagihugu, hari mu mpera z-umwaka w-2021.
Perezida Ndayishimiye asaba abarundi nyabuna kubikora kubera gukunda igihugu ntibabe abacangero.
« ngo ko mutazompa fraude ndayiretse igende, hama hace habura amahera yo kugura imiti, intebe, habure amahera yo kwubaka amashure n-amabarabara hama uce uvuga ngo uranezerewe cane, ni mwaba muri abacangero ntakibazo tuzobaha visa muze murariha visa kuko muri abacangero» Niko Perezida Varisito Ndayishimiye yavuze.





Recent Comments