Abanyarwanda bagera kuri cumi na babiri bagizwe n-abagabo batandatu, abagore batanu hamwe n-umwana w-amezi cumi bararengeje imisi itanu bari ku musozi wa Nyakarama, zone Kiyonza muri komine Bugabira, intara ya Kirundo. Bavuga ko bahunze isekeza ryo gucandaga umugera wa Coronavirus ku nguvu igihugu c-urwanda kiriko kiratunganya.
Nkuko tubikesha ikinyamakuru Sos Medias Burundi, Buramatari w-intara ya Kirundo Albert Hatungimana yamenyesheje kuri uyu wa kabiri mu nama y-umutekano yagirishije, ko adashobora kwihanganira umuntu wari wewese aza ahonyanga umugambi wa Leta wokurwanya umugera wa Covid-19, aha iyo ndongozi ikavuga ibijanye no kwipimisha hamwe n-izindi ngingo zo kwirinda uwo mugera. Mubo buramatari yariko aravuga bari abo banyagihugu baturuka mu gihugu kibanyi c-urwanda kuko bahakanye bararengwa ko batashobora kwipimisha umugera wa coronavirus hamwe ndetse n-izindi ngingo zijanye no kwikingira uwo mugera. Akarorero, bamenyesha ko batazokwigera bambara agafukamunwa canke gufata umuti igihe botorwako Covid-19 bitewe n-ukwemera kwo mu madini yabo.
Buramatari w-intara ya Kirundo yafashe ingingo yogusubiza mu gihugu iwabo umunyarwanda wese aza ahunga ugucandarwa umugera wa Covid-19 yitwaje imyemerere yo mu madini arimwo. Abo cumi na babiri bakaba bategetswe kwitegurira gusubira iwabo bitarenze kuri uyu wa gatatu.
Tubamenyeshe ko abandi banyarwanda icenda harimwo umunani bari bahungiye i Burundi kugutinya gucandarwa Covid-19, aribo baheruka gusubizwa iwabo aho bashikanwa ku mupaka wa Kanyaru y-epfo uhana urubibe n-urwanda n-uburundi, hari kuwa kane w-indwi iheze.





Recent Comments