UBM News ads UBM News ads
Thursday, June 13, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Capitaine François Niyonkuru yarikanywe mu kazi n-itegeko ry-umukuru w-igihugu kubera ukwitwara nabi..

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

François Niyonkuru, ni Intwazangabo mu gisirikare c-uburundi afise ipete rya «capitaine», yaraye yirukanywe mu kazi kw-itegeko ry-umukuru w-igihugu Varisito Ndayishimiye. Iyo ntwazangabo ikaba yagirijwe kugira inyifato itabereye nk-intwazangabo mu gisirikare c-uburundi.Image

Amakuru ava muri sentare nkuru ya  gisirikare, amenyesha ko iyo ntwazangabo yagiriwe n-amabi afatiye ku gitsina yakoreye umwe mu basirikare yararongoye abari mu gikorwa co kugarukana amahoro mu gihugu ca somaliya.

Abazi Capitaine françois Niyonkuru bamenyesha ko bamuzi ku vyaha vyinshi vyo gusinzikariza kiremwa muntu ariko ngo ntiyigera abibazwa. Akarorero ni ako mu mwaka w-2011 aho iyo ntwazangabo yavuzwe  mu mabi yo gusinzikariza igufa abantu baba bafashwe, ivyo navyo bikaba vyabera mu bunywero bita saga Rukoko hari kw-ibarabara rya Bujumbura-cibitoke. Iyo ntwazangabo yaraye yirukanywe kandi yagirizwa kuba yaragize uruhara rudasanzwe mu bwicanyi bwabaye mu Gatumba kuwa 18 nyakanga 2011, ubwicanyi bwahitanye abantu barenga 30. Ico  gihe, François Niyonkuru yarinjijwe ibohero ariko yamazeyo igihe gito kuko yarasanzwe akorera iperereza rya gisirikare niko guca asubira mu gisirikare.  Akandi karorero, Inyuma yaho hageragerejwe guhirika ubutegetsi kuwa 13 rusama 2021,  Capitaine François Niyonkuru yaciye arungikwa gukorera muri komine Mugamba, mu ntara ya Bururi, aho nahone yatoteje urwaruka arwagiriza ko rwagiye mu myiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu c-umuhisi Petero Nkurunziza.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments