Ishirahamwe PARCEM rijejwe guhamagarira abarundi guhindura ingendo kugira bashike kw-iterambere rirama, ribonako abarundi bahitanywe n-indyane zagiye ziraba mu Burundi bari bakwiye kwibukwa kumwe ndetse hagashirwaho icibutso rusangi mu gihugu mu kwibuka ayo mabi yose yagiye araba.
Mu kiganiro yahaye abanditsi n-abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 4 Nzero 2022, Faustin NDIKUMANA arongoye PARCEM asigura ko habaye kwibuka abapfuye bamwe bamwe ukwabo na Leta ubwayo bitoyorohera gufata ku rugero rumwe imanza zo kwibuka ababo z-iyo mirwi yose.
Uwo arongoye iryo shirahamwe ridaharanira inyungu za politike agasigura ko ivyo vyoza bifasha kunywanisha abarundi maze abari baragiriraniye nabi bagasubiza hamwe bibaye ngombwa bagasabana ikigongwe.





Recent Comments