Ubukene bw-igitoro co mu bwoko bwa «essence» buribonekeza mu ma sitasiyo atandukanye yo mu gisagara ca Bujumbura. Bamwe mu basanzwe bunguruza abantu bavuga ko aho ico gitoro kimaze imisi ine carabuze aho naho kibonetse bagasabwa igiturire kugira bashobore kukironka.
«igitoro cabuze ku ma sitasiyo, ubu rero habuze igitoro ca essence , naho kibonetse tubanza gutonda imirongo miremire. Nkubu ahantu bariko hatangwa essence ni ngaha kwa katikati hagati mu gisagara ca bujumbura, nahone imiduga ni myishi cane ntiworaba» Niko umwe mu badereva bunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura avuga.
Abo basanzwe bunguruza abantu bamenyesha kandi ko aho bishitse hakaboneka ico gitoro ca essence, abayironka bakwa igiturire n-abapolisi kugira baronke ingene banywesha.
Recent Comments