UBM News ads

Abasirikare b’uburundi baravurwa ku butaka bwa Congo kurwanya umuhari RED TABARA.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abasarikare b-uburundi barenga 250  bo mw-ikambi ya 212 y-abakomando bari ku butaka bwa Repubilika iharanira intwaro rusangi ya Congo  kuva ku musi wa kane w-indwi twaraye dusozereye. Abo basirikare bakaba binjiye mw-ico gihugu kugira bagerageze kurwanya burundu abarwanyi b-umuhari RED TABARA, watangaje ko uhisemwo kurwanya Leta y-uburundi ukoresheje ibirwanisho.Kämpfe Ost Kongo Rebellen Flüchtlinge

Ivyo vyo kwinjira kw-abasirikare b-uburundi ku butaka bwa Congo bishitse inyuma yaho bamwe mu bategetsi mu gisirikare bahigiye ko bategerezwa kwihora kuri bagenzi babo baheruka kuhasiga ubuzima mu gitero cakozwe kikongera kikemangwa n-umuhari RED TABARA cabereye muri Zone Gatumba ku rubibe rw-uburundi hamwe na Republika iharanira intwaro rusangi, hari mw-ijoro ryo kuri uyu w-Imana rishira uwa mbere w-indwi yarangiye.

Mu birori vyo kwipfurizwa umwaka mushasha n-abari mu nzego z-umutekano, Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye yamenyesheje  yongera asaba inzego z-umutekano ku kwama zirikanuye kuko ku bwiwe  ngo abarwanyi b-umuhari RED TABARA  bagabirije kugira bakore ibitero ku gihugu c-uburundi .

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments