Pascal BUTOYI, umumenyeshamakuru wa RTNB aguma aterwa ubwoba ko ashobora kwicwa.

0

Umumenyeshamakuru wo kuri radiyo n-imboneshakure vy-igihugu RTNB abicishije mu rwete yandikiye umuyobozi mukuru w-iyo nsamirizi, amenyesha ko ariko agirwako iterabwoba ko ndetse  ashobora no kwicwa. Pascal BUTOYI asanzwe akora mu ruganda rwo gukingira ibidukikije kuri RTNB asigura ko iterabwoba ariko agirirwa ryoba ryavuye k-urukwirikirane rw-amakuru yakoze muri karitiye ya Gasekebuye , mu gisagara ca Bujumbura. Ayo makuru akaba ariyo yatumye abashikiranganji batatu uw-intwaro yo hagati mu gihugu, uwujejwe inyubako hamwe n-uw-ubutungane bahishira.Bujumbura : un journaliste de la RTNB menacé de mort - SOS Médias Burundi

Abo bashikiranganji bakaba bafashe ingingo yo guhagarikainyubakwa zose zariko zubakwa mw-ico kibanza bidaciye mu mategeko mw-itongo ry-umunyagihugu yitwa Emmanuel NIBIGIRA, ivyari bibangamiye imiryango ihakikuje.  Kuva ico gihe, Pascal BUTOYI avuga ko yahatswe kwicwa incuro zitatu ko yanakwirikiranywe incuro gushika ku muryango w-isamirizi RTNB n-abantu batamenyekanye bari mu modoka yo mu bwoko bwa TI imparati D5640A.

Uwo mumenyeshamakuru agasaba umuyobozi wa Radiyo na Tereviziyo vy-uburundi gufata ico kibazo mu minwe kugira ngo umutekano wiwe n-uw-umuryango wiwe bicungerwe.