UBM News ads

CVR yemeje imbere y-abaserukira abanyagihugu ubwicanyi bwo 1972 ko ari jenoside yakorewe abahutu.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umurwi w-igihugu ujejwe kumenya ukuri no kunywanisha abarundi, CVR wemeje kuri uyu wa mbere ko ubwicanyi bwo mu mwaka w-1972  ari ihonyabwoko ryakorewe abarundi bo mu bwoko bw-abahutu. Pierre-Claver Ndayicariye arongoye CVR yabitangaje imbere y-inama nshingamateka  na nkenguzamateka vy-uburundi.Image

Umurwi CVR uvuga ko  hari ubwicanyi bw-agahomerabunwa bwakorewe abarundi bo mu bwoko bw-abatutsi. Ubwo bwicanyi CVR ikabwegeka kuri Leta yarihari ico gihe. «Umurwi CVR wihweje ibimenyetso vyerekana ingene ubutegtsi bwa perezida Michel Micombero n-abamufasha bashize mu ngiro umugambi wo kugandagura ku bwinshi igihugu cose abarundi bo mu bwoko bw-abahutu. Umurwi CVR uremje kw-ivyaha vyakozwe n-ubutegetsi bwa perezida Michel Micombero ari ihonyabwoko ryakorewe abahutu» Niko Petero karaveri Ndayicariye arongoye CVR yavuze.

Umurwi CVR usaba Leta iriho gusaba ikigongwe no gushinga umusi wo kwibuka ihonyabwoko ryakorewe abarundi bo mu bwoko bw-abahutu ryabaye mu 1972.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments