UBM News ads UBM News ads
Wednesday, April 17, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Umugambwe UPRONA wamirira kure ivyo wagirizwa kuba wakoze jenoside y-abahutu mu mwaka w-1972.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umugambwe w-abadasigana UPRONA wari ku butegetsi  mu mwaka w-1972, ubicishije ku rubuga rwawo rwa Twitter , umenyesha ko wakiriye ivyaraye bishikiijwe n-umurwi CVR ko mu mwaka w-1972 abarundi bo mu bwoko bw-abahutu bakorewe ihonyabwoko.UPRONA isaba igihugu c-ububirigi kwemera uruhara cagize mw-igandagurwa rya  RWAGASORE. - UBM News |United Burundian Media| Amakuru agezweho y'abarundi

Ariko, UPRONA ikavuga ko ataruhara na rumwe yagizemwo mw-iryo honyabwoko. Uwo mugambwe wa RWAGASORE ugasigura ko no muri benshi bicwa harimwo abanywanyi bawo rero ko utari kwiyicira canke gutgura jenoside y-abanywanyi bawo. Ni mugihe Umurwi wo kuvugana ukuri hamwe no kunywanisha abarundi CVR wamenyesheje ko uwo mugambwe wagize uruhara mw-iyo jenoside.

UPRONA iratanga uburorero bwa bamwe mu bategetsi bava mw-uwo mugambwe bishwe, nk-uwari buramatari w-intara ya Gitega. Uwo mugambwe ugasaba nyabuna CVR gukora amatohoza yimbitse  kugira nawonyene utunganirizwe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments