UBM News ads

Umukozi wa Leta wese akorera mw-ikomine agiye kuzoza arasuzumwa na Musitanteri.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukozi wa Leta wese akorera mw-ikomine Musitanteri abwirizwa kumenya igikorwa ahakorera. Uwo mukozi wa Leta nyene akazosabwa gutanga icegeranyo c-ivyo arangura kwa Musitanteri. Bikaba biheruka gutangazwa n-umushikiranganji w-abakozi ba Leta mu nama aheruka kugirana n-aba musitanteri barongoye amakomine yo mu Burundi hari kuwa 6 Kigarama 2021 hari mu ntara ya Cibitoke.La Biographie du Ministre de la Santé Publique et de la Lutte contre la Sida

Kuva ico gihe, Umushikiranganji Thadée Ndikumana yamenyesheje ko abo ba musitanteri babaye abakozi bakuru mu ma komine barongoye. Thadée Ndikumana yabivuze uku :«intumbero dufise nuko umukozi wa Leta atwarwa mw-ikomine ni ukubumvisha mwebwe ba musitanteri ko muri abakoresha b-abakozi ba Leta bo mu bushikiranganji bwose kugira ngo abakozi boroherwe hanyuma mumenye ko bari ku kivi kubera umwimbu batanze bace bahembwa.yaba umu sous-contrat, yaba umu sous-statut akorera mw-ikomine, wewe uramufiseko uburenganzira kumenya ivyariko akora»

Iyo ngingo ikaba ihagaritse umutima urunani rw-amasendika COSYBU. Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IWACU, Melance Hakizimana ,icegera c-uwurongoye COSYBU  ntatahura ingene Musitanteri azoza gusuzuma abakozi bose ba Leta bari muri komine arongoye mu gihe benshi badatwarirwa mu bushikiranganji bw-intwaro yo hagati mu gihugu . Kubwa Melance Hakizimana, ngo nyimba igihugu cahisemwo inzira y-ibiganiro n-amasendika , ico kibazo gikwiye kuhigirwa kugira amakenga ahere kanatsinda ngo nta n-itegeko na rimwe riha Musitanteri gutwara abakozi ba Leta bakorera muri komine arongoye.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments