UBM News ads

Umugera wa Covid-19 urabandanya kurandagata mu Burundi ku muvuduko udasanzwe.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu masaha atarenga 24 abantu bangana 279 nibo basanganywe umugera wa Covid-19  nkuko tubisoma mu cegeranyo c-ubushikiranganji bw-amagara y-abantu no kurwanya SIDA  co kuri uyu wa 15 kigarama 2021. Ico cegeranyo cerekana ko benshi muri bo banduriye uwo mugera mu gihugu c-uburundi.Burundi starts taking COVID-19 seriously, begins screening

Muri ico cegeranyo, abantu 214 muri abo basanganywe ako karanda ka corona ni abanduriye mu Burundi, nayo 65 basigaye n-abari baje bavuye mu bindi bihugu. Ubwo bushikiranganji bukamenyesha ko muri abo 65 abagera kuri 25 baje bavuye mu gihugu kibanyi ca Congo iharanira intwaro rusangi. Nayo 40 bakaba baje bava mu gihugu ca Tanzaniya.

Ubushikiranganji bw-amagara y-abantu burongera bukavuga ko mu kiringo c-imisi indwi, abatowe umugera wa Covid-19 biyongereye ku rugero rurenga gato 392% mu gihugu cose. Muri kino gihe rero, mu biro bitandukanye vyo mu gisagara ca Bujumbura henshi igice kinini c-abakozi kikaba kidatonda kuko casanganywe umugera wa Covid-19. Akarorero ni akabakozi b-ishirahamwe HCR rijejwe impunzi cokimwe na bamwe mu baganga b-ibitaro vy-abasirikare vyo  mu kamenge.

Kubera uwo murindi munini w-abandura ico kiza, ubushikiranganji bw-amagara y-abantu no kurwanya SIDA bwaraye bushizeho ibindi bibanza bitandukanye vyo kwipimishirizamwo uwo mugera mu gisagara ca Bujumbura. Ivyo bibanza navyo akaba ari ivuriro ryo mu Ngagara, ku Mutakura,Rubirizi, Ibitaro Roi Khaled, ivuriro ryo ku Musaga hamwe n-iryo mu Kanyosha.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments