UBM News ads UBM News ads
Thursday, July 25, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Igisata c-abikorera utwabo kirakwiye gutezwa imbere kuko gifise uruhara ntangere mw-iterambere ry-igihugu (PARCEM).

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Igisata c-abikorera utwabo ngo kirakwiye gutezwa imbere kuko gifise uruhara ntangere mu guteza iterambere igihugu. Bivurwa na Faustin NDIKUMANA arongoye ishirahamwe PARCEM ryiyemeje gukangurira abarundi hamwe no guhindura ingendo  kugira bashike kwiterambere rirama, hari kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 17 kigarama 2021 mu ruganda iryo shirahamwe ryari ryatunganije muri City Hill Hotel.Image

Mu cirwa ciwe yashize ahabona, umuhinga muvy-ubutunzi  Dr Salomon NSABIMANA asigurako kugira ico gisata c-abikorera utwabo gitezwe imbere igihugu ubwa mbere categerezwa kuba gihingura ibintu bishorwa mu mahanga , ivyo gikeneye bitari mu gihugu bakabikura hanze kugira habandanye harwizwa umwimbu.

Ikindi uwo muhinga avuga, ngo harakenewe  ko igihugu cubaka amabarabara yo hagati ndetse nayaja hanze, haba gukurikirana ko ibishorwa n-abikorera utwabo bikwije ibisabwa hamwe rero no guhimiriza abarundi kugira biyumvire kwimbura  bashorera hanze y-igihugu  no gukunda ivyakorewe iwabo kurusha ibivuye hanze.

Mu kurangiza, ngo harakenewe kandi no kurwanya igiturire kuko ahari iguturire ata terambere riharangwa hadashizwe inyuma igisata guteza imbere igisata c-abamukerarugendo ico naco ngo kiri mu bindi bituma igihugu kiharonkera amafaranga y-agaciro atari make.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments