Ikigo OBR kijejwe gutororokanya amakori n-amatagisi kimenyesha ko ibiturire bituma utwigoro tw-ico kigo tuzingama maze bigatuma ico kigo kihahombera cane. Pacifique Munyeshongore , umuyobozi mukuru w-ico kigo yabivuze kuri uyu wa gatatu mu kiganiro yahaye abanditsi n-abamenyeshamakuru ni mu gihe ico kigo cari kiramutse gitunganya ku ncuro ya gatandatu umusi wahariwe umutangakori uzohimbazwa kuri uyu wa 21 kigarama i Bujumbura, ku murwa mukuru w-ubutunzi w-uburundi.
Uwo arongoye OBR Yavuze ko ikigo arongoye cateye imbere kuva kigiyeho mu mwaka w-2009, ariko ngo gifise inzitizi zishingiye ku biturire hamwe no kunyonora.
«Ibiturire niyo ntambamyi nyamukuru mu bijanye n-ugutunganya ivyo tujejwe. Mugabo hariho kandi urudandazwa rukorwa rutisunze amategeko hamwe no kunyonora biciboekeza naho twemereye agashirukabute k-ibice 10% vy-ikiguzi c-ibigarujwe ku wadomye urutoke ku wubigize» Niko Munyeshongore yavuze yongera amenyesha ko ibidandazwa igihugu kigurisha hanze ari bikeya ugereranije n-ivyo cinjiza , naho ibishorwa hanze vyiyongereye.





Recent Comments