Mw-ijoro ryo kuri uyu wa kabiri niho abahitanywe n-umucanwa wadutse mw-ibohero rya Gitega bahambwa. Bakaba bashinguwe mw-itongo ry-abapfuye rya Rutoke riri muri komine n-intara ya Gitega.
Nkuko tubikesha ikinyamakuru Sos Medias Burundi, Hari igihe c-isaha imwe z-ijoro aho amakamyo ane y-igipolisi hamwe naya gisirikare yashika mw-itongo ry-abapfuye rya Rutoke azanye ibiziga vy-abo bapfiriye mw-iryo sanganya ry-umuriro. Ibiharuro nyezina vy-abahitanywe n-uwo muriro ntibiramenyekana. Hari ayandi makuru ava mu banyororo bacitse kw-icumu yemeza ko abahasize ubuzima barenga cane igitigiri ca 38 catanzwe na Leta hamwe n-abandi benshi bakomeretse.
«Igitigiri c-abantu 38 bapfuye hamwe n-abandi 69 bakomeretse vyatangajwe imbere y-abamenyeshamakuru hamwe n-imbere y-icegera c-umukuru w-igihugu Prosper Bazombanza gushika ubu ntibirahinduka. Ni ibiziga 38 vyahambwe» Niko Josiane Nishimwe umuyobozi w-ibohero rikuru rya Gitega bwiye Sos Medias Burundi.
Kubw-amasoko ava mu butungane, avuga ko abapfungwa benshi barahiye baratokombera maze bacika umunyota . Ibisigarira vyabo vyatowe mu gatondo ko kuri uyu wa gatondo. Bikaba bitegekanijwe ko abarongoye ibohero basubira guharura gushasha abapfungwa dosiye kuri dosiye kugira ngo hamenyekane vy-ukuri igitigiri nyezina vy-abapfuye.





Recent Comments