UBM News ads UBM News ads
Thursday, July 25, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

APRODH imenyesha ko abanyororo barenga 60 aribo bapfiriye mw-isanganya ry-umuriro ryo mw-ibohero rikuru ry-i Gitega.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ishirahamwe APRODH, riharanira agateka kazina muntu hamwe n-akabanyororo rimenyesha ko rifise amakuru yuko abanyororo barenga 60 aribo basize ubuzima mw-isanganya ry-umuriro ryabaye mw-ibohero rikuru rya Gitega. Pierre-Claver Mbonimpa arongoye APRODH amenyesha ko kiretse ko Leta yafashe binenerwe ivy-iryo sanganya, yarubahutse guhamba abahitanywe n-uwo muriro ata nakimwe imiryango yabo imenyeshejwe .Pierre Claver Mbonimpa

Abicishije kuri radiyo Ijwi ry-abanyagihugu RPA kuri uyu wa gatatu, Mbonimpa avuga ko iryo sanganya ryabaye ritari bwigere rishika  ari irya mbere ribaye mu mabohero, yabivuze uku:«Ivyaraye bishitse mw-ibohero ry-i Gitega aho umucanwa waduka abanyororo bagapfirayo ni ibintu bibabaje cane kuko kuva jewe ntanguye kugendera amabohero, be n-iryo sanganya nukuri ntiryari bwashike ni ubwambere hashitse isanganya nka rirya mu mabohero»

Uwo arongoye iryo shirahamwe arongera akamenyesha ko abarongoye igihugu bafashe minenerwe iryo sanganya nkuko umenga  ntacabaye. Abivuga afatiye kw-isanamu yabonetse irimwo abashikiranganji b-intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n-uwo gushigikirana aho vyabonetse ko bariko baratwenga kandi igihugu cabuze abantu isinzi nkabo. Ikindi Petero karaveri Mbonimpa anegura ni ukuntu Leta yagumye ihisha ibitigiri vy-abapfiriyemw-iryo sanganya ikongera ikabashingura mw-ibanga imiryango yabo ataco imenyeshejwe. «ikindi kintu kibabaje ni ukuntu ibitigiri vyabapfiriye mw-iryo sanganya vyagumye bihishwa mu nyuma twumva ngo baciye baja kubahamba imiryango yabo ataco imenyeshejwe. Bari bakwiye kubahambana iteka ndetse bakanamenyesha imiryango yabo aho bahambwe, nyimba bahambwe mu binogo rusangi bakabibamenyesha, nyimba bashinguwe mu kibanza kizwi nahone bakabibabwira» Niko Mbonimpa abandanya avuga.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments