Umufaransakazi Jeanne Muvira akomoka mu gihugu c-uburundi aherutse gutangaza ko azokwiyamamariza amatora y-umukuru w-igihugu c-ubufaransa yimirije mu mwaka uza w-2022.
Umupfasoni Muvira akaba yavukiye hagati mu gihugu c-uburundi neza na neza mu ntara ya Mwaro, mu nyuma aza gukurira mu gisagara ca Bujumbura. Muvira akaba kandi ari umuhinga mu bijanye n-ivy-imiti bita ˮpharmacie‟ mu gifaransa ndetse n- n-umuhinga muvy-ingwara zo mu mutwe, akaba afasha abantu kumenya ukwo barwanya umujagaro ico bita ˮstress‟ mu rurimi rw-igifaransa.
Uwo mufaransakazi afise amamuko yo mu Burundi yatangajeko yafashe ingingo yo kwiyamamariza kuyobora igihugu c-ubufaransa inyuma yo kubona ko hari ivyo ubuyobozi buhari ubu butitaho canke budatorera inyishu kandi vyari ibikenewe cane mu buzima bw-igihugu.





Recent Comments