Inyuma y-ukwezi afungiwe mw-ibohero rikuru rya Mpimba, Niyongabo Gérard arongoye sendika y-abigisha SEPEDUC yarekuwe kuri uyu wa gatanu ignekerezo rya 19 Munyonyo 2021.
Mu runani mpuzamasendika FENASEB barashima iyo ngingo yafashwe n-ubutungane. Antoine MANUMA arongoye urwo runani asaba ubushikiranganji bw-ubutungane kubandanya uwo muco mwiza wo kweza umunyagihugu wese aba yarenganijwe.
Tubamenyeshe ko Gerard Niyongabo arongoye sendika SEPEDUC yarafunzwe azira amatati ajanye n-uburongozi bwo mw-iyo sendika nyene.





Recent Comments