Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye yagenye kuri uyu wa 18 Munyonyo 2021 abashikiranganji bashasha . Bamwe mu bahahora barahindurirwa ubushikiranganji barongora.
Nkuko tubisanga mw-iryo tegeko ry-umukuru w-igihugu ryashizwe ahabona kuri uyu wa kabiri,
- Umushikiranganji w-ubutungane ni Domine BANYANKIMBONA yahora arongoye ubushikiranganji bw-abakozi ba Leta.
- Umushikiranganji w-amagara y-abantu ni umuganga Sylvie NZEYIMANA.
- Umushikiranganji w-abakozi ba Leta ni umuganga Thadée NDIKUMANA yahora arongoye ubushikiranganji bw-amagara y-abantu.
- Umushikiranganji w-ubudandanji ni Marie-Chantal NIJIMBERE yahora arongoye ubushikiranganji bwo gutumanatumanako amakuru.
- Umushikiranganji ajejwe gutumanatumanako amakuru n-ibimenyeshamakuru akaba ari Léocadie NDACAYISABA.





Recent Comments