Nkuko bitangazwa na-imboneshakure News 2 ikorera muri Leta ya Tennessee mu gisagara ca Nashville vyabereyemwo , umugabo akomoka mu gihugu c-uburundi yitwa Desiré Baganda yari yicaye inyuma mu rusengero yahagarutse aho yari aja imbere aho yahise akura inkoho maze aca atangura kuyirabisha kubari baje gusenga.
Amsanamu ya kamera yo mu rusengero rw-abapentekote rwaNashville Light Mission, rw-abarundi , vyabereyemwo yerekanye umurongozi warwo Pasitori Ezekiyeli Emmanuel Nzojibwami asumira uwo Desiré Baganda amuturutse inyuma amufata amaboko yompi maze n-abandi baca bamwunganira baramufata kugeza igihe igipolisi ishitse.
Igipolisi co muri Nashville cemeje ko Desiré Baganda w-imyaka 26 , ubu ari mu maboko yaco, akurikiranwa ivyaha 15 harimwo icaha co gushaka kugira nabi hakoreshejwe inkoho.





Recent Comments