Ubukene bw-amafaranga y-agaciro hamwe no guha isoko ryo kwinjiza igitoro mu gihugu c-uburundi umurwizatunga umwe ngo biri mu biriko bituma haba ubukene bw-igitoro mu gihugu. Bivurwa na Gabriel RUFYIRI arongoye ishirahamwe OLUCOME,ryiyemeje kurwanya ibiturire hamwe n-isesagurwa ry-amatunga ya Leta.
Gabriel RUFYIRI agatera akamo Leta y-uburundi gufata ingingo zotuma mu gihugu hinjira amafaranga y-agaciro menshi. Aha agasigura ko Leta yoteza imbere ibiterwa njabukamazi ,igisata c-ubutare hamwe rero no gukora ibishoboka vyose abazana imitahe bakaza mu Burundi ari benshi.
Tubamenyeshe ko igitoro kimaze imisi cabuze cane mu mihingo itandukanye y-igihugu c-uburundi bigatuma ubuzima bumwe bumwe bw-igihugu bugenda nabi. Aha twovuga nko mu gisata co kwiyunguruza aho ibiciro vyaciye biduga cane hamwe n-ibidandazwa vyankenerwa vyaduze na vyone mu masoko bicururizwamwo.





Recent Comments