Ishirahamwe IDHB ririyamiriza kuborezwa igufa hamwe no kunyuruzwa vyabaye ndanse mu Burundi.

0

Ishirahamwe ryiyemeje gukingira agateka ka zina muntu mu Burundi IDHB ryasohoye icegeranyo gifise umutwe ugira uti :ˮinyuma y-amadirisha , kunyuruzwa n-ukuborezwa igufa igufa vyabaye ndanse‟. Ico cegeranyo cerekana ko ibijanye  n-agateka ka zina muntu biriko bigenda bitituka ku rugero ruteye ubwoba.The New Humanitarian | Briefing – Le who's who de l'opposition armée au Burundi

Ico cegeranyo kiradondagura  cane cane  gufata abantu , kuboreza igufa  abari mu busho bw-igendereza, ababurwa irengero kandi barafashwe n-abikekwa ko ari abakozi b-iperereza canke igipolisi. Iryo shirahamwe ribona ko umukuru w-igihugu c-uburundi  Varisito Ndayishimiye avuga ku munwa ibijanye n-ukwubahiriza agateka ka zina muntu  ariko agahumiriza hageze kuraba amabi akorerwa mu gihugu arongoye iki gihe.

ˮInyuma y-urukwirikirane rw-ibitero vyahitanye abantu benshi bikozwe n-imirwi y-abitwaje ibirwanisho , imvugo ya Leta y-uburundi ijanye n-amahoro iratandukanye n-ibikorerwa n-ibikorerwa ku rubuga. Abanywanyi b-imigambwe itavuga rumwe n-uwuri ku butegetsi  barahagaritswe bagirizwa gukorana n-imirwi yitwaje ibirwanisho. Benshi muri bo barapfungiwe mu gasho k-igendereza  ku cicaro gikuru i bujumbura  aho bamwe baborejwe igufa kugira ngo babemeza  ivyo bavuga  canke ayandi makuru‟ Niko ico cegeranyo kivuga kikanongerako  ko ari abakozi b-iperereza canke abapolisi biyongereye  cane mu mezi aheze kandi  ko bamwe batarasubira kuboneka.