Mu rugendo rw-akazi rw-imisi itatu yahoramwo mu gihugu ca Tanzaniya, Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye amenyesha ko igihugu ca Tanzaniya caronkeje uburundi ikibanza kingana na hegitare icumi i Dar-es-salaam kizohora gishikiramwo ibidandazwa bija mu Burundi.
Perezida Ndayishimiye avuga ko akarusho kagiye kuboneka kuko kare ibidandazwa vyahora biteba ku kivuko c-i Dar-es-salaam gutyo abadandaza bakariha amafaranga y-umurengera. Kubera umwanya munini ivyo bidandazwa vyamara kw-ico kivuko.
Umukuru w-igihugu c-uburundi akamenyesha ko ubu ivyo bidandazwa bishitse kw-ico kivuko bizoca bisohoka bidatevye hanyuma bijanwe muri ico kibanza c-uburundi kidatangirwa ikori , nkuko yabandanije abimenyesha.





Recent Comments