Abantu cumi na babiri barafunzwe kuva kuri uyu wa gatanu mu gasho ka zone Kirwena ni muri komine n-intara ya Rumonge. Bakaba bafunzwe kw-itegeko rya buramatari w-iyo ntara, abagiriza ko batariko bararima ibigori . Abanyagihugu bo mw-iyo zone bamenyesha ko bariko bategekwa kurima ivyo bigori kugira ngo intara izoronke ivyo yerekana muri Leta, ivyo bobo bamirira kure kuko bobo bavuga ko imyumbati ariyo ibatunze.
Nkuko amakuru ava mu burimyi n-ubworozi bw-intara ya Rumonge, nuko mu mwaka w-uburimyi uheze, iyo ntara ntiyigeze ironka ibigori itanga nk-izindi ntara. Arico gituma buramatari w-intara ya Rumonge Consolateur Nitunga yaciye atanga itegeko ryo kurima ibigori. Imbere y-abanyagihugu arongoye, Consolateur Nitunga avuga ko ingingo yayifashe kandi ari ntabanduka :ˮ..birya bintu mwagiye muravuga ngo nabaranduje imyumbati ndavyemeye! Mugabo dutere ibigori! Naremeye ivyo muguma muvuga ariko intara ya Rumonge itere imbere mu mice yose‟
Ku ruhande rw-abanyagihugu bo mw-iyo zone nabo bati intara zose ntizitegerezwa kurima bimwe ,ahubwo bagasaba ko iyo ngingo ya buramatari yo hagarikwa kugira ibanze yirwe neza.
Umwe mu banyagihugu bo mw-iyo zone ya Kirwena ati :ˮ imyumbati niyo yadukujije, niyo yigisha abana bacu . Rero ntitwumva ukuntu hashobora gutangwa itegeko ryo kurima ibigori , hanyuma tuzoce tubaho gute? Ego ni umutegetsi mugabo ni ukuraba ko iyo ngingo iba yarizwe neza kugira igire akamaro‟
Tubamenyeshe ko atari irya mbere buramatari Consolateur Nitunga afata ingingo zidashimisha abanyagihugu arongoye. Aha twovuga ubwa vuba ingingo yaheruka gushinga itegeka ko abunguruza abantu hamwe n-abarangurira imirimo itandukanye mu Rumonge ko batanga amahera yo guterera umurwi w-umupira w-amaguru userukira iyo ntara. Ariko iyo ngingo nta mwanya yamaze kuko yiyamirijwe na benshi.





Recent Comments