UBM News ads

OLUCOME isaba Perezida Ndayishimiye gutanga ikigongwe c-ikivunga kubafungiwe ivyiyumviro vya politike.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu rwandiko ishirahamwe OLUCOME rishinze kurwanya abarya ibiturire hamwe n-isesagura ry-amatungo ya Leta ryarungikiye umukuru w-igihugu c-uburundi,rimusaba ko yotanga ikigongwe  ku bafungwa basanzwe bagirizwa ivyiyumviro vya politike.Rufyiri gabriel - UBM News |United Burundian Media| Amakuru agezweho  y'abarundi

Gabriel RUFYIRI asanzwe arongoye OLUCOME agasaba  ko hoshirwaho iryo rekurwa kugira abarundi bari mu buhungiro baheze bahunguke batekanye .

ˮMu rwo rwandiko twarungikiye umukuru w-igihugu, twavuze ku bijanye n-ivy-intwaro ibereye ko bigomba gukorwa kugira igihugu gishobore kuja mw-iterambere . Twavuze kandi no ku kibazo kijanye n-abafunzwe bafungiwe ivyiyumviro vya politike , abafungiwe ivyiyumviro vyabo eka n-abandi bafungwa ko hoba kimwe bita ikigongwe c-ikivunga kugirango hace haba ikindi kintu gikurikira co kwigisha abo bantu bahora bafunzwe kugirango bose baze mw-iterambere kuko mu gasho atarivyo bariko barafungura kandi bitangwa n-igihugu ntaco bariko barinjiza. Urazi neza impunzi zirenga ibihumbi amajana atatu zirihanze y-uburundi , abo rero sinibaza ko twoshobora kugira ibibazo vy-intwaro ibereye n-iterambere mugihe hari abantu banga gutyo, ivyo ntibishoboka.‟ Niko Gabriel RUFYIRI yabwiye bagenzi bacu b-iradiyo BONESHA FM.

Mw-urwo rwandiko, Gabriel RUFYIRI asaba kandi  ko abarundi basohorewe imitahe mpuzamakungu ko boyikurwako ku neza rusangi  kuko nabone barakenewe ko baza kwubaka igihugu naho bishoboka ko harimwo abakoze amakosa.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments