Ishirahamwe FOCODE rihamagarira abarundi gutsinda ubwoba bagatanga amakuru kubabo baburwa irengero.

0

Mu gihe haguma hibonekeza abantu batari bake  baguma baburwa irengero mu gihugu c-uburundi, umugambi NDONDEZA w-ishirahamwe FOCODE urakebura imiryango y-abantu banyurujwe kwubahuka bakabishikiriza hakiri kare kuko ari vyiza cane gutangiriza naho hari abatinya.AMABANGA YOSE YA NDAYISHIMIYE ARAMENETSE: PACIFIQUE NININAHAZWE ABISHIZE  AHABONA VYOSE - YouTube

Pacifique Nininahazwe rongoye umugambi NDONDEZA w-ishirahamwe FOCODE amenyesha ko imiryango y-abanyurujwe itevye kubatabariza banyurujwe ngo baba babahaye akaryo ko gusinzikarizwa ubuzima canke bakagandagurwa atacamira.

ˮIyo babonye umuntu wabo afashwe, agafatwa mu buryo budaciye mu mategeko bakabona aho bibereye ,hakagira uwubibona, nivyiza guca batabaza ubwo nyene, bakavuga bati umuntu wacu aragiye,afatiwe mu kibanza kinaki, afashwe n-abantu bari bambaye uku , bamutwaye mu modoka imeze gutya na gutya, kandi isa gutya ifise imparati iyi. Ivyo biciye bivurwa ubwonyene bikibaye, abamufashe baraheza bakavyitondera kuko baba babona ko vyamenyekanye. Kenshi niko bamaze kumufata baramutwara mw-iperereza nyene, biranashika nahonyene bakamuhohotera ariko ni gake mw-ico gihe baheza bagaca babica iyo bivuzwe bagifashwe, baraheza mu nyuma barya uza wumva baca batwara mu mpimba bakabatwara imbere y-ubutungane. Iki nagomba rero nsubire ndagihanure imiryango:hasigaye hariho ico kintu c-abantu biyumvira ngo umuntu wacu tukabivuga agatabarizwa ngo ahubwo baca bamuhora iconyene , ngo baca bamufungira ico nyene , ngo baca bibaza ko akorana n-abo baba bariko baramutabariza. Ukwo ni ukwihenda! Iperereza rija kumufata ryamaze kugira ico rimwagiriza ntimuze mwiyumvire ngo abantu banyu bazozira ko mwabatabarije ico sico! Rero nsubire mpanure imiryango, umuntu agiftwa bihutire kumutabariza hakiri kare , hari abantu benshi bakize kubera ko batabarijwe kare hakaba n-abandi vyoroshe ko bicwa n-iperereza kuko babuze uwubatabariza hakiri kare‟ bivurwa na Pacifique Nininahazwe arongoye umugambi NDONDEZA w-ishirahamwe FOCODE ujejwe kugira amatohoza ku bantu bafatwa n-inzego z-umutekano mu nyuma bakaburwa irengero.