Umugambwe w-abadasigana UPRONA umenyesha ko ushigikiye ibikorwa vy-umurwi CVR.

0

Mu gihe hari hahejeje  kuri uyu wa 14 Myandagaro 2021 gutorwa inzego nshasha zigiye kurongora umugambwe w-abadasigana, Prosper BAZOMBANZA yatowe kuba umukuru w-inama nkuru y-imboneza mw-uwo mugambwe  akongera aba icegera c-umukuru w-igihugu yamenyesheje ko ushigikiye ibikorwa vy-umurwi  CVR, ujejwe kuvugana ukuri no kunywanisha abarundi.

ˮumurwi CVR tuzowufata mu mugongo kuko mwese muri ngaha ndabaravye n-imyaka mufise ndabizi neza aboba bari bafise imyaka cumi canke cumi n-itanu ngira boba bamaze kuronka imvi mu mutwe uy-umusi. Bisigura ko ukuri kuriko kuraronderwa atari ukw-abahutu, atari ukw-abatutsi, atari ukw-abatwa, mugabo ari ukuri duhurirako twese. Ayo makossa yabaye , ubwo bugesera bwateye igihugu cacu c-uburundi yuvyamirire kure, twese turihamwe dufatanye mu nda‟ Niko Prosper BAZOMBANZA  yavuze.

Icegera c-umukuru w-igihugu Prosper BAZOMBANZA yashikirije ayo majambo mu gihe hari abarundi batari bake  bavuga ko umurwi CVR utigeze ukwirikiza ivyari vyasezeraniwe mu masezerano ya Arusha ko kandi uwo murwi ukoreshwa n-umugambwe CNDD-FDD ku nyungu za politike.