Mu gihe kuri uyu wa 14 Myandagaro 2021 hatorwa indongozi nsha z-umugambwe w-abadasigana UPRONA, Izo nzego nshasha zemeje ingingo yari yafashwe n-izahahora yo kwirukana abadasigana batatu Gaston SINDIMWO, Anicet NIYONGABO hamwe na Isidore MBAYAHAGA.
Umushingamateka Gaston SINDIMWO ,yahoze ari icegera ca mbere c-umukuru w-igihugu amenyesha atazi ivyo kwirukanwa mu mugambwe wa Rwagasore vyaraye vyemejwe n-ikoraniro kaminuza ry-umugambwe wa Rwagasore.
ˮTwebwe twakuwe kera n-inzego zitabifitiye ububasha , zitabaho kandi zarengeje ikiringo, jewe nibaza yuko twebwe ata kintu na kimwe mw-ivyo vyabaye tubifisemwo uruhara kuko bavuga ko ari ikoraniro risanzwe, ikoraniro risanzwe ni ikoraniro riba rigengwa n-amategeko. None iryo koraniro ryabaye rigengwa n-amategeko ayahe? Kuri twebwe ingingo zafashwe ziraba benezo kandi urugamba turarubandanya hariho inzego twituye turindiye ko zidutunganiriza zikatubwira ijambo rya nyuma‟ Niko ukwo Gaston SINDIMWO yabwiye bagenzi bacu b-iradiyo BONESHA FM.
Olivier NKURUNZIZA yaraye atowe ngo arongore UPRONA asa nuwatomoye neza ku kibazo c-abo baheruka kwirukanwa mw-uwo mugambwe,ˮ…Nzokora ico amategeko y-umugambwe andekurira : nko kwitura sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro kugira ice urubanza,…‟
Ku basanzwe bakurikiranira hagufi politike y-uburundi babona ko Gaston SINDIMWO ashobora gutakaza ikibanza c-ubushingamateka yararimwo bitewe n-uko umugambwe yaserukira wamwirukanye.





Recent Comments