Umuvugabutumwa Chris NDIKUMANA avuga ko urucanco rwa COVID-19 atari ikimenyetso ca Antikristo.

0

Umuvugabutumwa Chris NDIKUMANA, asanzwe akunzwe cane mu kiganiro KANGUKA,  amenyesha ko yashimye kuva mu gacerere kubimaze imisi bivurwa k-urucanco rw-ikiza ca COVID-19. Kubwiwe, yemezako urwo rucanco atari ikimenyetso ca antikristo nk-uko biriko bivurwa ahatari hake kw-isi yisunze ku vyanditswe biri mu gitabo ca Bibiriya.INTERVIEW avec Chris NDIKUMANA - YouTube

ˮ Nagire ndabasigurire neza ko urucanco rwa Covid-19 atari ikimenyetso ca antikristo.Ivyo mubimenye si ikimenyetso ca antikristo, abavugishwa babwira ko ari ikimenyetso ca antikristo bariko bababwira ibitarivyo binyuranye n-ijambo ry-Imana, nivyo ngire ndabereke, nshaka ko mwemera ijambo ry-Imana. Sivyo! Ntushobora kwemera ngo umuntu yarose canke yagize Vision uce uvyemera atabikweretse mw-ijambo ry-Imana. Niwemere ibintu akweretse bihagaze mw-ijambo ry-Imana. Bitari mw-ijambo ry-Imana ntuvyemere . Ijambo ry-Imana riravuga ati :ˮnubwo yoba marayika avuye mw-ijuru ababwiye ibintu binyuranye n-ijambo ry-Imana arakavumwa‟ Mwemere ibintu mwisomeye mw-ijambo ry-Imana‟

Chris NDIKUMANA aratomora neza ukwo antikristo azoba ameze hamwe n-igihe ciwe azotangura kwibonekeza :ˮMusomye mu gitabu c-ivyahishuriwe Yohana 19:20, antikristo bamwita igikoko , ico gikoko Yohana yabona si igikoko ni umuntu niwe antikristo. Ni umuntu muga muri bibiliya mu vyahishuriwe yohana bamuvuga ko ari igikoko.Rero antikristo , azoba ari umuntu w-inyama n-amaraso nkawe nanje ariko azoba afise ubushobozi budasanzwe bwo kw-isi yose. Rero, ingene azoba akora azoba afise umuvugishwa wiwe , akazi kiwe ni ukwumvisha abantu kugira bamwemere. Murashobora gusoma mu murongo wa 20, ngo azokora ibitangaza bidasanzwe, akize ingwara zidakira, abatavyara bavyare , ama cancers akire, ibintu vyishi biteye ubwoba kugira ashobore gukwega abantu mukumenya kirya kimenyetso , banamuhimbaze ,bamwemere ndetse no kumupfukamira bamupfukamire. Bisigura y-uko bazomwemera. Nagombe mwumve y-uko ikidodo canke ikimenyetso ca antikristo si ikintu bagushirako gutyo gusa kugira uronke amagara canke ushobore kugura muri Restaurant, canke ushobore kuvoyagea, sico! Oya! Ikimenyetso ca antikristo ni acte spirituel ni igikorwa c-impwemu bisaba adoration kuko twasomye natwe ko bazomuhimbaza, bazomushira hejuru , bazomusenga, antikristo azokwigira Imana , Rero nagomba kubamenyesha ko abazokwemera kirya kimenyetso ca antikristo bita bête noire arico 666 azoba ari abamwemera y-uko antikristo ari Imana yabo.wewe uriko uranyumviriza wagize vaccin ya Covid-19, nyimba utigeze wihakana Yesu, nyimba batagusavye ko wihakana Yesu hama wemere antikristo,ni ukuvuga si ikimenyetso ca antikristo, ntushobora kuronka ikimenyetso ca antikristo utabanje kumwambaza canke kumwemera nk-umwami wawe canke imana yawe , ibi vya technologie biriko biraba ni impwemu ziwe, ni imyiteguro yiwe kuko imbere y-uko Yesu aza Yohana yaraje gutegura inzira, rero, imbere y-uko antikristo aza hategerezwa gutegurwa inzira. Hariho inzira ziriko zirategurwa, ariko impwemu yiwe, umwuka wiwe n-uno musi ariko arakora. Ushobora kwibaza igituma antikristo atagara, kuberiki akora yinyegeje?  Ni kubera igihe ciwe ntikiragera, igituma kitaragera hariho ikintu kimubuza gukora kugaragara, afate abantu abashiremwo ico kimenyetso ku nguvu, abice, ababuze gufungura , ababuze kugura .Igituma atabikora ni uko hari ikintu kimubuza, ico naco si ikindi ni ishengero rya kristo, uno musi ishengero rikihari antikristo nta bushobozi afise bwogukora ku mugaragaro.Impwemu yiwe yamye ikora,nubu irakora ariko ntafise uburenganzira bwokugaragara, ariko igihe ciwe kigeze azogaragara‟