UBM News ads

Ibice birenga 70% vy-ubutaka bw-igihugu c-uburundi vyamaze kwinjirwamwo ikiza ca Covid-19.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abandura ikiza ca Covid-19 baguma biyongera mu Burundi, nk-uko biguma vyibonekeza mu vyegeranyo biguma bisohorwa ku musi ku musi n-ubushikiranganji bw-amagara y-abantu hamwe no kurwanya ikiza SIDA.Burundi: Any COVID-19 Cover-Up Will Put Lives at Risk | Human Rights Watch

Mw-iy-indwi turiko tusozera, Ivyegeranyo vyasohowe n-ubushikiranganji bw-amagara y-abantu  vyerekana ko uburere bw-ubuvuzi 34 kuri 47 bugize igihugu c-uburundi aribwo burangwamwo abanduye  umugera wa Covid-19, ni ukuvuga ibice birenga 70 % vy-ubutaka bw-igihugu c-uburundi vyamaze kwinjirwamwo n-ico kiza.

Uburere bumaze kumenyekana ko bwasinzikajwe n-uwo mugera akaba ari uburere bw-ubuvuzi bwa Kirundo, Kiremba mu ntara ya Ngozi, Muyinga, hamwe n-uburaruko bw-igisagara ca Bujumbura aho abanduye bagenda bashika 100 .Nayo uburere bwa Rutana, Gihofi , Ruyigi, Nyabikere, Mutaho, Isare, na Bujumbura yo mu bumanuko burangwamwo abantu bandura  bari hagati ya 50 hamwe na 99. Icibonekeza n-uko uwo mugera ufise umurindi munini mw-irwirirana kuko mw-iz-indwi zne ziheze ibipimo vyerekana ko abandura ku rwego rw-igihugubiyongereye ku ncuro zine n-ibice 81%.

Ubushikiranganji bw-amagara y-abantu no kurwanya ikiza SIDA  busaba ababijejwe guhimiriza abanyagihugu kwubahiriza amategeko yashizweho mu ntumbero yo kwirinda hamwe no kwikingira ico kiza no kwiyumvira inyishu z-ico kibazo n-urucanco rutibagiwe.

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments