Kuva mu ntango zo mw-iyindwi turimwo , niho havurwa amakuru ajanye n-imirwi y-abitwaje ibirwanisho yinjiriye muri komine Kibago ivuye mu gihugu ca Tanzaniya. Abanyagihugu babonye abo bitwaje ibirwanisho bemeza ko wari umurwi munini ko kandi wari witwaje ibirwanisho bikomakomeye. Kuva ayo makuru agiriye ahabona, Abajejwe umutekano bagizwe n-abasirikare, abapolisi hamwe n-igendereza baza bamaze batangura kujanwa mw-iyo komine kugira bahangane n-iyo mirwi yinjiriye mw-iyo komine.
Nk-uko vyemezwa n-abanyagihugu bo mw-iyo komine ihana urubibe n-igihugu ca Tanzaniya, Abasirikare batari bake baza bamaze gucumbikira ahitwa ku Nkiko hasanzwe hahana urubibe n-igihugu ca Tanzaniya. Ayandi makuru ava mu bajejwe intwaro bo mw-iyo komine yemezako abanyagihugu bagera kuri cumi barikorejwe imizigo n-iyo mirwi y-abarwanyi munyuma babarekuye bategetswe kudatanga amakuru ajanye nabo kuko bashobora kubizira umwanya n-umwanya mu kwicwa. Iyo mirwi y-abitwaje ibirwanisho ikaba yinjiriye ku ruzi malagarazi rugabura uburundi n-igihugu ca Tanzaniya neza na neza ku cambu citwa kwa Kavamahanga.





Recent Comments