Kiretse igihugu ca Sudani yEpfo, Leta y-ubwongereza yashize ibihugu vy-uburundi, Kenya, Tanzaniya, Uganda hamwe n-urwanda k-urutonde rutukura rw-ibihugu birimwo ikiza ca Covid-19 cinshi.
Mw-iryo tangazo ryashizwe ahabona n-igihugu c-ubwongereza, kimenyesha ko abazova mw-ivyo bihugu bitanu vyo mu muryango wa EAC guhera kuwa 8 Myandagaro 2021 bazoca babanza kugaranirwa mw-ihoteri mu kiringo c-iminsi cumi, banipimishe uwo mugera ku musi wa kabiri hamwe n-uwugira uw-umunani. Ivyo bazokenera mw-ico gihe bari mw-ico kibanza bazoba bugaraniwemwo bazimenya . Ariko ico gihugu kikavuga ko abazoba badafise amikoro akwiye yo kwirihira ivyo bazokenera mw-ico kibanza bazofatwa mu mugongo.





Recent Comments