Uwurongoye CVR avuga ko umuhisi Perezida Micombero ariwe yobazwa ubwicanyi bwo 1972.

0

Mu gihe kuri uyu wa 5 Myandagaro 2021 ariho yashikiriza aho umurwi arongoye ugejeje  igikorwa co gutohoza ibinogo rusangi biri mu gisagara ca Bujumbura, Pierre-Claver Ndayicariye amenyesha ko uwahoze ari umukuru w-igihugu c-uburundi  umuhisi Michel Micombero ariwe gushika ubu  yobazwa ubwicanyi bwabaye mu mwaka w-1972.Michel Micombero | Historica Wiki | Fandom

Uwo arongoye umurwi CVR avuga ko zimwe mu nzego z-igihugu nk-iz-umutekano , iperereza hamwen-urwaruka  rwa JRR rwari rwegamiye umugambwe w-abadasigana ico gihe ko nabonyene bavurwa n-abamaze gutanga ibishingantahe ko bagizemwo mw-ubwo bwicanyi.

Pierre -Claver Ndayicariye mu kiganiro yahaye abanditsi n-abamenyeshamakuru  yavuze ko ibinogo bigera kuri 6 arivyo bimaze gutorwa mu gisagara ca Bujumbura.