Umuririmvyi wo mu gihugu c-urwanda Israel Mbonye asanzwe yarabaye icamamare mu ndirimbo zo guhimbaza Imana bita Gospel agiye kuza guteramisha abarundi.
Nk-uko aheruka kuvyitangariza, Ngo abanyagisagara ca Bujumbura babe baramwitega guhera ku magenekerezo ya 13, 14 na 15 y-ukwezi kw-umunani 2021. Ibibanza azokoreramwo ibiteramo bikaba bitaramenyekana neza. Israel Mbonye akaba azoba ari irya mbere aje mu gihugu c-uburundi , ndetse anamenyesha ko yaramaze gutumirwa mu biteramo I Burundi incuro nyishi ariko ntibikunde ko ahashika. Ng-izi zimwe mu ndirimbo ziwe zagiye zirakundwa: Number one, Ndanyuzwe, ibihe, Hari ubuzima, Urwandiko.
Tubamenyeshe ko bitumwe n-uko imigenderanire iri hagati y-uburundi hamwe n-igihugu c-urwanda itari meze neza, vyatumye abaririmvyi bo mu gihugu c-urwanda bataza gukorera ibiteramo mu Burundi.





Recent Comments