Isekeza NDONDEZA ry-ishirahamwe FOCODE risanzwe rikora amatohoza kubantu baburwa irengero mu Burundi babanje kuburwa gufatwa na bamwe bari mu nzego z-umutekano, rimenyesha ko ryakiranye umubabaro mwinshi n-amajambo yashikirijwe n-umukuru w-igihugu c-uburundi kw-iradiyo y-abafaransa RFI , aho yakanye ko ata bantu baburwa irengero mu gihugu arongoye . Isekeza NDONDEZA rikaba rifise ubwoba ko ivy-ukunyuruza abantu bigiye kubandanya atacamira bitewe n-uko Perezida Ndayishimiye yabihakanye ko bitariho.
Kubwa Pacifique Nininahazwe asanzwe arongoye isekeza NDONDEZA, ngo kubona Umukuru w-igihugu c-uburundi yubahuka akavuga ko ata bantu banyuruzwa mu gihugu arongoye ari ugutuma imiryango y-ababuze ababo itakaza icizere ni mugihe baguma bizigiye ko k-ubutegetsi busha buhari bugiye kuyifasha kumenya aho ababo bagiye. Ayo majambo yavuzwe na Perezida Ndayishimiye yerekana ahubwo ko aje kubandaniriza kw-isemo y-uwo yasubiriye, Umuhisi Petero Nkurunziza, uwo nawe intwaro yiwe irazwi ndetse ngo izoguma yibukwa ko yarasanzwe n-amabi y-ubwicanyi burenze harimwo n-ivyo guhagarika abantu munyuma bakaburwa irengero.
Isekeza NDONDEZA rimenyesha ko rimaze gukora amatohoza y-abantu bagera 200 babuzwe irengero inyuma yo gufatwa n-abo mu nzego z-umutekano. Abantu bashika kuri 30 n-abo baramaze kuburwa irengero kuva aho Perezida Varisito Ndayishimiye ashikiriye ubutegetsi.
Uwo arongoye isekeza NDONDEZA arongera akabeshuza kuvyemejwe na Perezida Ndayishimiye kuri RFI kubavuzwe ko mubanyurujwe bagasanzwe bari mu mirwi yafatiwe mu gihugu c-urwanda . Pacifique Nininahazwe agasaba umukuru w-igihugu c-uburundi ko yokwerekana na raporo nimwe imaze gusohoka ivuga ko abaroberi bigeze gufatirwa mu gihugu c-urwanda bari mu vyegeranyo biba biri mu babuzwe irengero.





Recent Comments