UBM News ads

Umurwi w-igihugu CNIDH uremera ko hari abantu bafatwa abandi bakaburwa irengero mu Burundi.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru bo kuri Radiyo Isanganiro kuri uyu wa kane, Umukuru w-umurwi w-igihugu wigenga uharanira agateka kazina muntu mu Burundi CNIDH aremera ko hari indongozi y-umugambwe CNL Elie Ngomirakiza  yabuzwe irengero ryiwe. Uwo murwi CNIDH uranemera ko hari abanywanyi b-uwo mugambwe CNL bagiye barafatirwa mu ntara za Muramvya na Mwaro inyuma y-ibitero vy-abitwaje ibirwanisho biheruka kuhabera.CNIDH-Burundi в Twitter: "#CNIDH, en collaboration avec le Centre pour les  Droits de l'Homme et la Démocratie en Afrique Centrale, organise un atelier  de formation des Commissaires & cadres de la #CNIDH,

ˮIkibazo c-indongozi ya  CNL yabuzwe irengero twaracumvise kandi twaragerageje gukora ivyo dushoboye , murazi ukwo bigenda ko dutegerezwa gukorana n-inzego za Leta kugira zimenye ukwo ibintu vyagenze ndetse zinabikwirikirane.  Twaravugishije abaduhaye ayo makuru , twiteze ko inzego zitandukanye zigiye nazone gufasha habandanye  hakorwa amatohoza maze abakoze ubwo bisha bafatwe bakubitwe inkoni mu gahanga‟ niko uwo arongoye CNIDH yavuze.

Abajijwe ku banywanyi b-umugambwe CNL bamaze imisi baguma bahagarikwa, Sixte-Vigny NIMURABA yishuye ko iryo hagarikwa ry-abo banywanyi arizi cane. Akamenyesha ko hari abarenga cumi bamaze kurekurwa mu ntara ya Muramvya inyuma yo gukorwako amatahoza bagasanga nta ruhara bafisemwo mu bitero vy-abitwaje ibirwanisho haciye imisi bihakorewe. Uwo arongoye uwo murwi akavuga ko  bobo batashobora kwinjira  mu matohoza aba ariko arakorwa n-inzego za Leta gusa akamenyesha ko ico bakora ari ugukurikirana ukwo abo baba bahagaritswe habayemwo ugukurikiza amategeko.

 

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments