UBM News ads

Ababomorewe amazu ari ku mabarabara bategetswe kuyasubiza uko yarameze hatarenzwe mu ndwi zibiri.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inyuma yaho umushikiranganji w-intwaro yo mu gihugu , umutekano hamwe n-iterambere rusangi asohoreye itangazo amenyesha ko  ibikorwa vyo kubomora amazu yubatswe hadakwirikije amategeko  biriko bigenda neza, mu rugendo yaraye akoreye kuri uyu wa 12 Mukakaro 2021 muri karitiye ya Muta-Sud neza na neza ku  Mugoboka, yasanze ivyahakorewe vyakozwe nabi habamwo n-akarenganyo kakabije aca asiga ategetse uwurongoye iyo karitiye ya Mutanga-sud kwubakira ababomorewe amazu yo mw-ako gace ka Mugoboka  mu kiringo kitarenze indwi izibiri.May be an image of 5 people, people standing and outdoors

Abarundi batari bake bo mu mice itandukanye y-igihugu baguma bidogera ico gikorwa co kubomora amazu yabo  kuko yari muyarabatunze cane  , bakavuga kandi  ko habamwo no kurenganywa bitewe n-uko hibonekezamwo  ivy-itangwa vy-ibiturire.  Ikindi, ngo aho batuye nyibabona ko hokwerekerwa mw-uw-umwanya n-ivy-itunganya vy-igisagara  bagatanga akarorero nko  mutubarabara tugana mu makaritiye agize amazone ya Nyakabiga na Musaga, kanyosha, kamenge, kinama.

Abatari bake ikinyamakuru UBM NEWS cavuganye nabo bemeza ko iyo ngingo y-umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu igiye gutuma imiryango itari mike y-abarundi yarisanzwe ikoresha ayo mazu mu bitandukanye yinjira mu bukene butagira izina aha bakavuga nk-abazikoresha muvy-urudandazwa, mu kuzikotesha buri kwezi. Ngo icaba ciza, Leta ico gikorwa yari kubanza ikagiha igihe kugira abubatse ayo mazu bidakurikije amategeko bavyitegurire nabo. Kuko ngo uravye ubu ukwo iyo ngingo iriko ishirwa mu ngiro biraboneka ko Leta yavyihutishije cane , ngo ntiyiyumviriye ikimazi ayo mazu afitiye imiryango itari mike ndetse n-uko bagiye kuzobaho hamwe ayo mazu yobomorwa.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments