UBM News ads UBM News ads
Friday, June 14, 2024
No menu items!
UBM News ads UBM News ads

Perezida Ndayishimiye avuga ko hari umugambi wa Leta wo gushira hamwe amatongo harwizwe umwimbu.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu kiganiro aheruka kugiriranira n-imboneshakure yitwa Afrique Media, Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye avuga  ko mu Burundi hari umugambi  wo gushira hamwe amatongo yose  mu  ntumbero yo kurwiza umwimbu  hama abantu bagaca bajanwa mu birwati.May be an image of 1 person and text that says 'ENTRETIEN EXCLUSIF AVEC S.E.M EVARISTE NDAYISHIMIYE PRÉSIDENT DE LA REPUBLIQUE DU BURUNDI'

Perezida Ndayishimiye yavuze mw-ico kiganiro  ko ashaka kwubaka buri komine yose igize igihugu c-uburundi ico yise ˮcommandement‟ y-uburimyi  n-ubworozi.  Kugira ngo kurya umuntu amenya ukwo agana ku bitaro  iyo arwaye , abarundi nabo  bamenye nabo iyo bagana iyo habaye ikibazo c-uburimyi canke c-ukworora.

Kuco gushira hamwe amatongo yose yo mu gihugu, umukuru w-igihugu c-uburundi amenyesha ko ari mu ntumbero y-uko abarundi baronka ico yise ˮ Encadrement‟  nziza mu bijanye no kurima hanyuma  kandi hagakorwa ibishoboka vyose  ntihagire ifumbire irinda kuronderwa hanze y-igihugu.

Bamwe n-abandi babona koi co cipfuzo c-umukuru w-igihugu c-uburundi ari ciza cane ariko kugishikako ari urugamba rukomeye azorwana ku barundi kukubera ko abarundi muri kameremere yabo canke mu migenzo yabo baha agaciro cane itongo kuruta ibindi vyose.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments