Mu gihe kuri uyu wa 11 Mukakaro ariho kw-isi yose hahimbazwa umusi mpuzamakungu wahariwe irwirirana ry-abantu , Ubushikiranganji bw-amagara y-abantu no kurwanya ikiza ca SIDA bumenyesha ko kimwe muvyotuma igihugu gishikira ihangiro ryo 2025 ry-uko ata muvyeyi yorenza abana batatu, n-uko abigeme bokwijukira kuja mu mashure , kandi bakiga amashure maremare gutyo ntibaje kwubaka izabo bakiri bato . Ubwo bushikiranganji bukabonako ariyo nzira yonyene yogabanya urugero runini ruriko ruboneka rw-abigeme baja kwubaka bakiri bato cane.
Ubushikiranganji bw-amagara y-abantu nokurwanya ikiza ca SIDA burongera bugahimiriza ko abubakanye bijukire kuza baraja kwa muganga kugira baharonkere inyigisho zijanye n-irondoka rijanye n-amagara meza k-ububatse be n-inyigisho zijanye n-indero runtu na cane cane kwigumya ku rwaruka gushika rugere mu bigero vyo kwubaka izabo.
Mu kurangiza, ubwo bushikiranganji butera akamo abagabo kuza baraja inama n-ingingo n-abagore babo kugira bafatire hamwe ingingo y-uburyo bwo kurondoka ku rugero bipfuza , kanatsinda ngo ˮ urugo ni babiri‟





Recent Comments