Abari ku mitahe mpuzamakungu ngo bashobora gutahuka, ivyabo bikazokwigwa bari mu gihugu iwabo. Bivurwa na P.Nkurikiye.

0

Mu gihe umunyapolitike  Pancrace Cimpaye  aherutse gutahuka mu gihugu, umuvugizi w-ubushikiranganji bw-intwaro yo hagati mu gihugu  amenyesha ko umurundi naho yoba ari ku mutahe mpuzamakungu  arashobora gutahuka akavugana n-ubutungane ku bimwerekeye. Petero Nkurikiye ahamagarira abanyepolitike  bakiri hanze y-igihugu  ko botahuka.pierre-nkurikiye - UBM News |United Burundian Media| Amakuru agezweho  y'abarundi

Uwo avugira ubushikiranganji bw-intwaro yo hagati mu gihugu  yongeye aravuga ku bijanye n-ivyabaye mu mwaka w-2015 , aho aashikiriza ko hari abarundi 34 bamaze kwagirizwa ivyaha bakoze kandi  n-urubanza n-urubanza rwabo ngo rwaraciwe. Kubwa Petero Nkurikiye, ngo umuntu yaraciriwe urubanza aho ari hose  araza agashikira ubutungane bukamubwira ivyiwe. Arashobora  kutavyemera ariko agasigura igituma atavyemera ngo kuko vyose biba vyisunzwe amategeko.

Kubijanye n-amakenga ko batahutse bohava baca bnatabwa muri yompi ku kibuga c-indege , Petero Nkurikiye  asigura ko batera akamo kose , umwe wese ivyiwe bikazokwigirwa  yamaze gushika mu gihugu ciwe  c-amavukiro. Aha agatanga akarorero k-abandi barundi  bamaze gutahuka  harimwo Anicet Niyonkuru arongoye umugambwe CDP hamwe n-abahoze ari abashingamateka  4 batashe muri ay-amezi atatu aheze.