Ingingo zaruhasha n-ibihano nivyo bigeye gufatirwa imirwi irwana mu karere ka Afrika k-ibiyaga bbinini hamwe n-abo bose bayifasha . Biri mu nama y-amahoro n-umutekano y-ubumwe bwa Afrika yiyemeje igira 1005 yo kuwa 21 Ruheshi 2021 iraba ivy-ako karere.
Mw-itangazo rishira ahabona ivyaranguwe mw-ay-amezi atatu ryasohotse kuri uwu wa gatatu , inama y-amahoro n-umutekano iratera ivyatsi ivyaha vy-ubwicanyi bikabije bikorwa n-iyo mirwi yitwaje ibirwanisho idasize inyuma ibikorwa vy-ubucukuzi vy-ubutare bidaciye mu mategeko bikorwa n-iyo mirwi nyene. Naho biri uko, inama y-amahoro n-umutekano ivuga ko inezerwa hatangujwe umurwi ujejwe gutunganya ibiganiro ufise igikorwa co gukwirikirana ishirwa mu ngiro ry-ingingo zitajanye n-ivya gisirikare zunganira ivya gisirikare mu ntumbero yo kurwanya imirwi yitwaje ibirwanisho mu karere ka Afrika y-ibiyaga binini.
Inama y-amahoro n-umutekano y-ubumwe bwa Afrika irashima kandi ukuntu ako karere kateye mu bijanye n-umutekano naho ivyaha biteye ubwoba bibandanya gukorwa vy-imirwi yitwaje ibirwanisho hamwe n-ivyago biturutse kwihindagurika ry-ibihe navyone bibandanya kubangamira ako karere. Iyo nama itanga akarorero kubiheruka kushika kwiduga ry-amazi y-ikiyaga ca Tanganyika hamwe n-iruka ry-ikirunga ca Nyiragongo mu buseruko bwa Congo , idasize inyuma ivy-ikiza c-umugera wa coronavirus .
Iyo nama nkuru y-amahoro n-umutekano w-ubumwe bwa Afrika imenyesha kandi ko itewe umutima uhagaze n-inkurikizi zavuye kw-ivyo vyago aho mbere zahitanye abantu batari bake abandi bagahunga. Iyo nama ikavuga ko yashimishijwe n-ukubona igihugu c-uburundi carakuwe k-urutonde rw-ibihugu vyirwa n-inama nkuru y-umutekano ya ONU ndetse n-umurwi w-abahinga ukurikirana ivy-agateka ka zina muntu mu Burundi warahagaritse ibikorwa vyawo kuwa 31 rusama 2021 . Ikindi iyo nama ishima ngo n-uko amatora yatunganijwe mu bihugu bigize ako karere k-ibiyaga binini yabaye mu mutekano .
Mu gusozera iryo tangazo, Inama nkuru y-amahoro n-umutekano y-ubumwe bwa Afrika yiyemeje kurwanya no gutuza imirwi y-inkozi zikibi , iyitwaje ibirwanisho hamwe n-iyikora iterabwoba hamwe no gukiriirana inkurikizi zazanywe n-umugera wa coronavirus. Kugira ngo ivyo bishikweko, iyo nama isaba umuryango w-ubumwe bwa Afrika kushigikira kugira hakwe ibirwanisho abo bose babifise hamwe no gusubiza mu buzima busanzwe abarwanyi.





Recent Comments