Inyuma yaho ubushikiranganji bw-intwaro yo hagati mu gihugu hamwe n-iterambere ry-amakomine butangiye itegeko ku bantu bose bubatse amazu badakwirikije amategeko mukudasiga imetero zitandatu uvuye kw-ibarabara kuba bisamburiye bo nyene, Intara zitandukanye zigize igihugu c-uburundi ziriko zishira mu ngiro iyo ngingo y-umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu. Ariko amaganya n-imyidogo bikaba arivyo biriko biboneka mu banyagihugu bonyene kubomorewa ayo mazu kuko batabona ukwo bagiye kubaho nko kubari basanzwe badandariza amwe mw-ayo mazu.
Inkurikizi zishobora gushika biturutse kw-iyo ngingo ni zihe?
Mu gihe hamaze igihe hibonekeza ubushomeri kubahejeje amashure bitewe n-ukubura akazi, Abatari bake baciye batangura kwiyungunganya mu kuja mu rudandazwa rw-ibintu bitandukanye, Niko guca basaba ko bubaka utuzu tubayabaye nk-utw-imbaho canke bagakota banyene kwubaka kugira barabe ko bokwiteza imbere ndetse no mu miryango yabo bakagira ukwo babayeho. ˮ ntitwigera twiyumvira ko bishitse Leta ikabona ko aho twubatse canke abo dupangiye batakwirikije amategeko mu kwubaka , iroca ifata ingingo nk–iyi yo kutwangaza mw–iki gihe c–ubukene burenze ,twibaza ko yodutera intege ahubwo kukubona twarihigiye akazi‟. Bivurwa n-umwe yahejeje amashure ya kaminuza mu mwaka w-2016 akora akazi ko kucuruza amata mu gisagara c-intara ya Gitega. N-abasanzwe barubatse amazu yo kubamwo mu bisagara bimwe bimwe na bone bari mu maganya kukutabona ukwo bagiye kubaho baravye amadeni bafashe mu mabanki kugira bashobore kuronka uburaro bwabo . Bamwe babomorewe mu ntara ya Rumonge bakimukira ahandi bamenyesha ko bagiye guheba urudandazwa barimwo bakora kuko bariko bakora bahomba ko atabakiriya bariko babona baza kubashorera. Bakavuga kandi naho bariko bahahombera ko n-igihugu kizohahombera kuko hatangwa amatagisi atari make.
Leta ngo ntiyarikwiye gufata ingingo nk-iyi mw-iki gihe yari kuba iratenyenya.
Abanyagihugu batari bake bamaze kubomorerwa bidogera Leta ko iriko ibashira mu bukene butagira izina mu gufata ingingo ivuna nk-iyo gusamburirwa amazu yarabatungiye imiryango yabo buri munsi. Bakamenyesha ko ingingo nk-iyo Leta yoyishize mu ngiro nko mu kiringo c-imyaka itatu canke irenga kugira babe baratangura kwitegura.





Recent Comments