Intwaro ya perezida Ndayishimiye ngo si ejo kugire ive mu ndyane zo mu mwaka w-2015, bivurwa na ICG.

0

Naho perezida Ndayishimiye yaje asa nuwuhindura ivyo uwo yasubiriye umuhisi perezida Nkurunziza yasize akoze , umukuru w-igihugu ahari ubu ngo ategerezwa guhumuriza imirwi ikomakomeye y-umugambwe aturukamwo CNDD-FDD uri k-ubutegetsi kandi agatinya igitsure aterwa n-abategetsi bakomakomeye bo mw-uwo mugambwe.SE Evariste Ndayishimiye (@GeneralNeva) | Twitter

Icegeranyo c-ishirahamwe ICG co ku mu ntango za Mukakaro  2021 kidomako urutoke  cane cane umushikiranganji wa mbere Alain-Guillaume Bunyoni  hamwe n-umushikiranganji w-intwaro yo hagati mu gihugu Gervais Ndirakobuca basanzwe bose barafatiwe ibihano  n-ubumwe bwa burayi  hamwe na Leta Zunzubumwe za Amerika biturutse k-uruhara bagize ku mabi yakozwe mu mwaka w-2015. Ishirahamwe International Crisis Group rivuga kandi ko naho umugambwe CNDD-FDD waronse ibibanza vyinshi  mu nama nshingamateka , ivyo bitawubujije kubandanya gukoresha kukandamiza  nk-ikirwanisho ca mbere. Ico cegeranyo kirerekana ko k-ubw-amatohoza yakozwe na Human Rights Watch hamwe n-umurwi wa ONU ujejwe amatohoza k-uburundi , umurwi w-imbonerakure  hamwe n-abakozi b-iperereza babandanije bakora amabi ahonyanga agateka ka zina muntu bakoresha inguvu mu gukandamiza abanyagihugu n-abatavugarumwe  n-ubutegetsi.  Inzego za Leta ngo zabandanije kandi zihiga buhongo  cane cane abanywanyi  b-umugambwe CNL hamwe n-abanyagihugu bo mu bwoko bw-abatutsi. Yamara rero ngo naho biruko, Varisito Ndayishimiye ntahengeshanya kuresha ibinyamakuru  hamwe n-amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike.

Mukwerekana ko ashashaye guhindura ibintu , Umukuru w-igihugu c-uburundi Varisito Ndayishimiye yarakosoye ibintu bikebike  vyakozwe muri kahise naho irekurwa ry-abamenyeshamakuru b-ikinyamakuru Iwacu n-iyugururwa ry-iradiyo Bonesha FM bifatwa nk-intambwe Leta y-uburundi yateye , abaharanira agateka ka zina muntu bo bemeza ko ivyo bidahagije na gato.

Kubwa International Crisis Group , ngo kuva Varisito Ndayishimiye yimitswe yaciye atangura kurwanya  abarya ibiturire  naho ngo ivyo ata kintu bigaragara biboneka cakozwe. N-abakwirikirana imigenderanire mpuzamakungu ngo ntibabona kumwe kuvyo ubutegetsi bwa Ndayishimiye bumaze gukora  ko ahubwo ari uguhuma amaso amakungu , kandi ngo atacizere babona azohindurako ikintu kinini.