Mu gihe kuwa 30 Ruheshi ariko ashikiriza ijambo abarundi rijanye n-umusi mukuru wokwigina imyaka 59 ihaciye uburundi bwikukiye, Umukuru w-igihugu Evariste Ndayishimiye yamenyesheje ko ukwikukira nyakwo atari ukwigendako ahubwo ko uburundi bukwiye ko kugira imigenderanire n-ayandi makungu kugira bafashanye.
Mw-iryo jambo , Perezida Ndayishimiye arongera akavuga ukwikukira nyakwo si ukwiyubakirako nka nyabumba ni ukugira igihagararo mu bandi ariko abarundi bakanka agasuzuguro, ni ukwugurura amarembo kugira abandi babamenye , bamenye amateka yabo.
Kw-iryo jambo ryashikirijwe n-umukuru w-igihugu c-uburundi hari bamwe barikengurutse bafatiye kukuntu igihugu c-uburundi kuva mu mwaka w-2015 aho hadukiye indyane za politike igihugu caciye giharirwa ivomo ndetse kinafatirwa ibihano vy-ubutunzi n-ibihugu bimwe bimwe vya rutura vyo kw-isi. Bakizera ko uburundi bugiye gusubira gukorana n-ibindi bihugu kugira buve mu bukene busigaye bwabaye ndase.





Recent Comments