Umurwi w-abahinga b-ishirahamwe ry-ubumwe bwa buraya baherutse gufata ingingo yo gukorera hamwe mu ntumbero yo kuraba ingene ibihano vy-ubutunzi uwo muryango wafatiwe Leta y-uburundi mu mwaka w-2016 vyokurwaho.
Uwuserukira umuryango w-ubumwe bwa buraya Claude Bochu yabitangaje kuri uyu wa mbere , inyuma y-umubonano yari yahawe n-umukuru w-igihugu c-uburundi Evariste Ndayishimiye. Kubw-uwo aserukira ubumwe bwa buraya mu Burundi ,iryo shirahamwe rirashima intambwe imaze guterwa mu gihugu c-uburundi mu bijanye n-intwaro ibereye naho avuga ko hakiri ibisigaye gukorwa.
Naho bimeze ukwo, Amashirahamwe mpuzamakungu agera kuri 12 aherutse kwandikira umukuru w-umuryango bw-ubumwe bwa buraya hamwe n-abashikiranganji b-imigenderanire bo mw-uwo muryango babamenyesha ko ata ntambwe n-imwe Leta y-uburundi iriko iratera mu ntumbero yo kukurwako ibihano vy-ubutunzi yafatiwe mu mwaka w-2016. Kubw-ayo mashirahamwe , avuga ko n-ubu ivyaha bihagaze ku guhungabanya agateka ka zina muntu bibandanya bikorwa k-ubutegetsi bwa Perezida Ndayishimiye ,Abakora iryo hungabanya ry-agateka kazina muntu babandanya kudahanwa, ibinyamakuru vyugawe ibindi bigaturirwa ntabwo birugururwa kiretse bikeyi vyemerewe nahone biboneka ko bitakicigenga mu gushikiriza amakuru vyisanzuye nk-uko vyahora , Ayo mashirahamwe kwari 12 asaba Umuryango w-ubumwe bwa buraya ko kugira bukureko ibihano vy-ubutunzi bwafatiye igihugu c-uburundi ko habanza ko Leta y-uburundi yemerera abadaharanira ivyicaro vya poritike, Abahinga b- umurwi wa ONU ujejwe ku matohoza k-uburundi , ibinyamakuru vyugawe bikorera mu buhungiro bose bakemererwa kuza mu gihugu bagakora akazi kabo bisanzuye.





Recent Comments