Inyuma yo gukatirwa gufungwa imyaka 32 yagirizwa ku caha co guhungabanya umutekano w-igihugu no kugarariza inzego, Germain Ruki yaciriwe igihano c-umunyororo w-umwaka umwe na sentare y-iyungururizo ya komine Ntahangwa nk-uko vyemejwe n-umwe mu bashingwamanza biwe.
Uwo yakoreye ishirahamwe riharanira agateka ka zina muntu ACAT BURUNDI afunzwe kuva mu mwaka w-2017 aho yagumye ahakana ivyaha yagirizwa anasaba ahubwo ko yokwambikwa izera. Ubu akaba yokwije imyaka ine mu kwezi kuza ari mu munyororo.
Twobamenyesha ko uwo aharanira agateka ka zina muntu yaramaze igihe avugirwa mu gusabirwa n-amwe mu mashirahamwe mpuzamakungu aharanira agateka ka zina muntu hamwe n-umuryango w-ubumwe bwa buraya ko yorekurwa ataco arinze gusabwa.





Recent Comments