UBM News ads

Akashirukabute bahabwa iyo bitavye inama bidoga ko kagabanijwe.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abatowe mu nama  mpanuzwajambo z-amakomine agize igisagara ca Bujumbura bamenyesha ko agashirukabuta kasanzwe kazwi kw-izina rya ˮJeto de presence‟ bahabwa iyo bitavye ibikorwa vy-izo nama mpanuzwajambo ya komine kagabanijwe cane kava ku mafaranga y-amarundi ibihumbi mirongo itanu 50.000 Fbu kashirwa ku bihumbi mirongo ibiri vy-amarundi 20.000 Fbu.iy-isanamu niyo twitije mu gihe inama mpanuzwajambo ya komine Ntaahangwa yariko ikorana

Nk-uko bimenyeshwa n-umwe  ari mu nama mpanuzwajambo ya komine zigize igisagara ca Bujumbura, amenyesha ko mw-iy-indwi yarangiye bari bitavye ibikorwa  mu nyuma barangije inama baca batangura kwitegurira guhabwa akabahasha nk-uko bari basanzwe babimenyereye nikwo guca babwirwa ko ako gashirukabute kabo ubu kagabanijwe ko bagiye kuza bahabwa amafaranga ibihumbi mirongo ibiri vy-amarundi  20.000 Fbu ko kandi  bovyemera ukwo kuko itegeko ryavuye hejuru. Kubw-abo batowe  mw-izo nama mpanuzwajambo za komine , bamenyesha ko ivyo vyokubagabaniriza agashirukabute kabo vyoba  biriko biva k-ukuntu hashakwa kubanganisha n-abagenzi babo bo muzindi komine zo mu gihugu hagati kandi ubuzima basanzwe babayemwo atari bumwe aha bakavuga ukuntu mu gisagara ca Bujumbura ubuzima bwaho  busanzwe buzimvye .

Abo batowe, babandanya bavuga ko  bababajwe no kubona ingingo nkizo zifatwa kandi zikanashirwa mu ngiro batagishijwe inama ngo bamenye n-impamvu iba yabitumye , barongera kandi bagatunga agatoki ishirahamwe ABELO risanzwe rihurikiyemwo abatowe bose kuva ku nzego zo hasi gushika kuzo hejuru ko ariryo riri inyuma y-iryo gabanywa ry-ako gashirukabute bahora bahabwa.

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments