Umuyobozi w-ikigo VUBA Corp, Paul Klahn yatangaje ko atangihindutse mu myaka itanu iri imbere mu muji wa Kigali hagiye kuzoba imodoka zitwara abantu mu kirere kandi ntizizogira abashoferi.

Kubwa Paul klahn , amenyesha ko mu mwaka w-2024 ibikorwa bizoba vyatanguye ko kandi hazotangura gukenerwa gukoreshwa ibice 2/3 vy-umuji wa Kigali ni ukuvuga ibirometero 140 vy-inzira zizokoreshwa n-izo modoka. Izo nazo zikazoba ziri hagati y-ibihumbi 2000 hamwe n-ibihumbi 3000. Uwo mugambi w-izomodokari zizogendera mu kirere uzotwara amafaranga angana n- umu miriyaridi umwe w-amadori y-abanyamerika.
Tubamenyeshe ko amasezerano y-uwo mugambi w-izomodokari zigendera mu kirere zizotwara abantu wateweko umukono hagati y-umushikiranganji w-urwanda ajejwe ivy-inyubako Claver Gatete hamwe na Paul Klahn arongoye ikigo VUBA Corp kisanzwe kikomoka muri Leta ya Colorado iri muri Leta Zunzubumwe za Amerika.





Recent Comments