Mu rugendo rw-imisi ibiri umukuru w-igihugu c-uburundi perezida Ndayishimiye Evariste yahera kugira mu gihugu ca Kenya, we na mugenziwe wa Kenya barashize umukono ku masezerano atandukanye yo gufashanya hagati y—ivyo bihugu ukwari bibiri. Aha twovuga nko muvy-ubudandaji, muvy-imico kama , n-ibindi…
Mu gihe hariko haba ibirori vyaˮMadaraka day‟ mu gisagara ca Kisumu,umukuru w-igihugu ca Kenya yavuze ko ishirahamwe rya Afrika y-ubuseruko asanzwe arongoye iki gihe rizokora ukwo rishoboye mu gushigikira igihugu c-uburundi kisanzwe kiri mw-uwo muryango kugira ibihano vy-ubutunzi bwafatiwe bivanweho.
Tubibutse ko igihugu c-uburundi kimaze imyaka itanu kiri mubihano vy-ubutunzi cafatiwe n-ibihugu vya rutura nk-uburayi na Amerika. Ivyo bihano vyafatiwe uburundi kuva aho hadukiye intureka za Politike zo mu mwaka w-2015 ziturutse k-ukwitoreza ikiringo ca gatatu c-umuhisi Petero Nkurunziza, ikiringo ciyamirijwe na benshi ko hahonyanzwe amasezerano y-i Arusha yateweko umukono mu mwaka w-2020 aho muvyari biyarimwo havuga ko ata mukuru w-igihugu numwe yemerewe kwitoreza ibiringo bibiri.





Recent Comments