Mu gihe umupaka wo mu Gatumba uri k’urubibe u Burundi buhana n’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo wari urindiranywe igishika, bamwe mu bari basanzwe bawukoresha baridoga yuko vyari vyiza kuwugurura ariko ko leta yaciye isharaho izindi ntambamyi mugushinga ibiciro vyo kwipimisha umugera wa Corona bisa n’ibiri hejuru.
Amadorari y’abanyamerika 30 ku banyamahanga hamwe n’amafaranga y’amarundi ibihumbi 15 ku barundi niyo ingenzi izotanga kugira ipimwe umugera wa Corona, yinjiye i Burundiiciye ku rubibe rwa Gatumba (urubibe Uburundi buhana n’igihugu ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Kongo), ruzokwugururwa kuri uyu wa kabiri, igenekerezo rya 1 Ruheshi.
Recent Comments